Yesu yaje gushitsa ivyavugishijwe kuri We.

"Twarabonye insiguro y’izina rya Yesu- Imanuweli; risobanurwa ngo: (IMANA IRI KUMWE NATWE). Uyu musi rero tuza kuvugane, ingene Yesu yashikanye ubuhanuzi bwose bwari bwaravuzwe kuri we, bujanye n’ukuvuka kwiwe (Mat. 2:1-23). Mu vyirwa biheruka twarabonye kw‘ abanditsi b’Ubutumwa bwiza ukw‘ ari bane: Matayo, Mariko, Luka na Yohana; bashikirije Ubutumwa ku bantu batandukanye, umwe wese yar’afise ic’abwira bantu. Matayo yarungikiye Ubutumwa Ubwoko bw’Abisirayeli. Abisirayeli bar’abantu bazi ivy’idini, mbere twovuga ko bar’abanyedini, bari bazi n’ivyagezwe vya Mose. Igihimba ca kabiri ca Matayo, canditswe kugira ngo cerekane kw‘ ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana vyerekeye Yesu, vyose vyashitse. "