Imana ni umutunzi w' ikigongwe.

Umuntu yaraguye, ntashobora kwikiza. Ariko Imana iza muri ico gihe umuntu yasa n' uwupfuye, yishwe n' ivyaha, izanye ikigongwe cayo. Imana ifise ikigongwe cinshi kuko ari Imana y' ibihe vyose. Ifise ubutunzi ntangere bw' ikigongwe c' ibihe vyose kandi igitanga ku buntu.