Isezerano ryo ku masigarira

Twarabiye hamwe isezerano Imana yagiranye n'amasigarira y'ab'isirayeli. Imana yavuzeko izokwegeranya amasigarira y'ab'Isirayeli kugira ngo ibakoranirize hamwe. Twarabonye kandi ubutumwa bugira gatatu bw'umuvugishwa n'Imana Mika muri ubwo butumwa bugira gatatu Mika ashira ahabona ivyaha vy'abarongozi b'ab'Isirayeli . Twabonye ko abarongozi b'ab'Isirayeli bacira abakene imanza zitabereye kandi aribo bari bazi imanza zibereye, twabonye ko banyaga aboro bitwaje ikibanza bafise mu burongozi. Abo barongozi bo mugihe ca Mika, banka ivyiza bagakunda ibibi , bafata nabi umukene.