Ibibazo bine Ab'Isirayeli bibajije

Twarabiye hamwe ibibazo 4 Ab'Isirayeli babajije kugira barabe ingene boshika imbere y'Imana, babaza ico boserukana imbere yayo. Mbega bari guserukana ibimazi? Ab'Isirayeli bibaza ko boserukana ibikorwa vyiza bakora ariko twabonyeko ibikorwa vyiza bitadushikana ku Mana. Twabonye ko umuntu ataco afise ciza comushikana ku Mana yitwa ngo n'ishikanwa ashikanye. Ntaco Imana idusaba gukora ngo dushike imbere yayo atari gukora ibiroranye no gukunda kugira imbabazi, no kugendana nayo twicishije bugufi nk'uko Mika yabivugishijwe ku bwoko bw'Ab'Isirayeli. Ubwo nibwo buryo rero ushobora gukora kugira ngo ushike ku Mana mugabo ubwo buryo dutegerezwa kubufashwamwo n'ubushobozi bwa Mpwemu w'Imana.