Twarabiye hamwe ukuntu Imana yaburanije abantu bayo ibasaba ngo bihane, bayigarukeko kubera incungu yabo ya kera. Imana yabakuye mu gihugu ca Egiputa aho bari abaja ariko yarabakuyeyo ibashikana mu bugaragwa mbere yabahaye n'abarongozi, Mose, Aroni na Miriyamu ngo babarongore ariko bashitse mu gihugu bibagiye ivyiza Imana yabakoreye, bibagiye ukuintu Imana yabakuye mu manzu y'ubuja muri Egiputa. Twabonye kandi ukuntu Imana yabakingiye Balamu igihe yagomba kubavuma. Imana yari muruhande rwabo irabagwanira. Ntawushobora rero kuvuma uwo Imana yahezagiye, ese ukuntu ari vyiza kuba Imana iri muruhande rwacu n'uyu musi, unezererwe ko Imana iba mu ruhande rwawe.
Ukuza kwa mbere kwa Kristo
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye