Twakomeje kurabira hamwe ubuhanuzi bwari hafi ya kazoza mu vyo Mika atubwira, twabonye kandi n'ubuhanuzi buri kure ya kazoza. Twarabonye ko ivyago vyashikiye ubwami bwo mu bumanuko vyagereranywa n'imibabaro y'umugore afashwe n'ibise ngo avyare. Umubabaro w'umugore agomba kuvyara umara igihe gito hanyuma akanezerwa amaze kuvyara. abantu bo mu bwami bwo mu bumanuko bategerezwa kugira umubabbaro akanya gato hanyuma bakagira umunezero. Naho bagize ivyago, Nebukadineza agafata igisagara c'i Yerusalemu kigasambugwa mbere bagatwagwa nk'inyagano yamara Imana yavuze ko mu gihe kigiye kuza izohana abateye Yerusalemu , yabasezeraniye ko bazonesha ayandi mahanga muri Kazoza. Hazoba hari intambara ikomeye, intambara ya Haramagedoni, muri iyo ntambara niho Imana izoha inkomezi Isirayeli zo kunesha ayandi mahanga.
Ubuhanuzi bwo kuza kwa mbere kwa Kristo
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye
Ubuhanuzi bwo kuza kwa mbere kwa Kristo