Ubuhanuzi bwa hafi ya kazoza

Twakomeje kurabira hamwe ubuhanuzi bwari hafi ya kazoza mu vyo Mika atubwira, twabonye kandi n'ubuhanuzi buri kure ya kazoza. Twarabonye ko ivyago vyashikiye ubwami bwo mu bumanuko vyagereranywa n'imibabaro y'umugore afashwe n'ibise ngo avyare. Umubabaro w'umugore agomba kuvyara umara igihe gito hanyuma akanezerwa amaze kuvyara. abantu bo mu bwami bwo mu bumanuko bategerezwa kugira imibabaro akanya gato hanyuma bakagira umunezero naho bagize ivyago Nebukadineza agafata igisagara c'i Yerusalemu kigasambugwa mbere bagatwarwa nk'inyagano yamara Imana yavuzeko mu gihe kigiye kuza izohana abateye Yerusalemu. Yabasezeraniye ko bazonesha ayandi mahanga muri kazoza, hazoba hari intambara inkomeye intambara ya Haramagedoni. muri iyo ntambara niho Imana izoha inkomezi Isirayeli zo kunesha ayandi mahanga.