Ukugiraneza kw' Imana n' urubanza ruciriwe Ninewe

"Yona yari yarajanye ubutumwa I Ninewe, ari nabwo bwabamenyesheje urukundo rw’Imana. Ubu naho ubutumwa bwo mu gitabo ca Nahumu busigura igihano c’Imana kandi ivyo bibiri birajana. No mu gihe uburake bw’Imana buziriringiye ihanga, Imana iguma irikunda, ntacoza kibihindura. Igituma igihano c’Imana gitera ubwoba n’uko idacisha hirya no hino nk’abantu.Kandi Imana ntibikorana umutima w’akazikira canke wo kwihora. Imana ntihana nk’iyimuboneyeho. "