Habakuki ababazwa n'uko ihanga ry'Abakaludayo ari ryo rizohagurukira guhana Abayuda
Habakuki yumvise yuko Abakaludayo ari bo bazotumwa guhana Abayuda yumva arababaye kuko azi yuko Abo bakaludaya ari abantu babi b'abicanyi. Yaciye yongera kubwira Imana uko avyumva ati mbega wadushiriyeho gupfa kandi uri Uwera natwe dufise isezerano ko tutazopfa? Ukwo kudapfa yavuga cari igitutu c'ingene Mesiya azoza agatanga ubugingo butazoshira ku bamwizera bose.