Umubabaro uzana kwumvira ukugomba kw'Imana
Video Player is loading.
Loaded: 0%
Progress: 0%
Remaining Time -0:00
Loading...

My360 Helper


Twarabiye hamwe ukuntu umubabaro uzana kwumvira ukugomba kw'Imana. Kubabazwa kubw'igikorwa ca Kristo bitwigiza kure y'icaha. Na Kristo yababajwe azira ivyaha vyacu. Igiheyapfa yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambwa ku giti kugira ngo dupfuye ku caha tubeho ku kugororoka. Imana yaduhaye vyose kugira ngo dushobore kubaho ubugingo bw'ubukristo yaduhaye mpwemu yera , twashizwe muri Kristo kandi twabatijwe muri we. Nk'abakristo dufise akameremere gashasha kandi ko tudakwiye kuganzwa n'akameremere k'umubiri ahubwo dukwiye kuba abaganzwa na mpwemu. Icaha gikwiye gusigugwa kugira ngo abantu bakimenye kandi bagitahure hanyuma babone kukivamwo. Ntidukwiye kunezereza abantu muvyo dukora ahubwo dukwiye kunezereza Imana nayo ab'isi bo naho botwanka ntaco bitwaye.