Amajambo ya Pawulo yo guherezako

Amajambo ya Pawulo yo guherezako abwira Timoteyo yayanditse ari mw'ibohero kandi amaze kubona ko ata misi myinshi asigaje kubaho. Yaravuze ko yarwanye intambara nziza none agiye kurangiza neza urugendo rwiwe rwo mw'isi. Yasavye Timoteyo ko yoza araza kumuraba aho agorewe mw'ibohero kugira ngo amutekerere n'izindi mpanuro. Yaramubwiye ko yoshikama agahagararira ijambo ry'Imana, akaba yiteguye kwihaniza n'uguhana bikenewe, kandi akabikora mu kwihangana.