Ivyo umuntu mushasha akwiriye kwitondera.
Umwana muto akora canke avuga ico ari co cose kimujemwo ata bindi abanje kwibaza, ishengero nk ' umuntu mushasha ritegerezwa kwiyerekana nk' umuntu akuze. Rikwiye gukura no kwitonda. Hariho ibintu umwana ashobora kuvuga umuntu akuze atovuga. Ishengero rero nk' umuntu mushasha ntirikwiye kuguma mu bwana, ariko rikwiye gukura. Imana yahaye umwe wese mu bana bayo ubuntu bwayo kugirango ashobore gukura.