Yohana yerekwa umugore n'igisato c'amahero
Yohana yabonye mw'ijuru umugore yambaye izuba, kandi ukwezi kuri musi y'ibirenge vyiwe, yambaye mu mutwe urugori rw'inyenyeri cumi na zibiri. Yagira avyare ariko haboneka igisato citeguye kumira umwana agira avuke. Ariko umwana yaciye asahurwa ahungishirizwa ku Mana no ku ntebe yayo.