Abo bavugabutumwa babiri barapfa barazuka
Abo babiri bamaze gupfa barazuka hanyuma bumva ijwi ngo ni muze ino, baca bigira mw'ijuru abansi babo babona. Haca havuga ya nzamba igira indwi, humvikana ijwi ngo ubwami bw'isi bubaye ubw'Umwami waccu. Ba bakuru bikubita hasi basenga, amahanga arashavura, haca haza ishavu ry'Imana ryo guca urubanza.