Ububi bw'izo nzige n'ibindi vyago

Izo nzige zasa n'amafarasi y'intambara kandi mu maso hazo hasa n'ah'umuntu. Hanyuma Yohana abona umumarayika wa gatandatu avugije inzamba yiwe, habohorwa abamarayika bane b'abaranduzi babohewe mu ruzi runini Efurate, babohorerwa kwica ica gatatu c'abantu.