Yohana yatanguye kubona umumarayika w'indwi asutse igikombe ciwe mu kirere yumva ijwi ry'Imana riti karabaye. Habaho imiravyo, imituragaro n'ugutigita kw'isi guhambaye kugeza aho igisagara Babuloni kigaburwamwo gutatu, ibisagara vy'abanyamahanga birasenyuka. Yohana abona maraya w'agahebuza, nukuvuga kirya gice c'ishengero ry'abantu batigeze bizera neza Yesu. Yerekwa n'umugore yicaye ku gikoko gitukura gifise imitwe 7 n'amahembe 10 ni ukuvuga igisagara ca Roma kizoba ari umurwa w'isi yose mu vy'idini. Uwo mugore ni idini yuzuyemwo uburyarya iboneka ko ubwiza bw'inyuma gusa.
Igisato c'amahero gikororwa kiva mw'ijuru.
Ongerako aho ubika ivyakuryoheye
Yohana yerekwa maraya n'igikoko gitukura