Ivy'abamarayika batatu bakurikira

Uwa gatanu asuka igikombe ciwe ku ntebe y'ubwami ya ca gikoko umwijima, uburibwe n'ibisebe biba umurengera, abantu barogota ku Mana. Uwa gatanatu asuka mu ruzi runini Efurate, rurakama, inzira y'abami bava mu buseruko ica iraboneka. Mu kanwa ka ca gisato, no mu kanwa ka ca gikoko no mu kanwa ka wa muvugishwa w'ibinyoma havamwo impwemu zitatu zihumanye zisa n'ibikere.