Yohana yerekwa abamarayika batanguye gusuka ibikombe vyabo mw'isi
Ngaha turabona ivyago bine kandi ivyo vyago vyabonetse bimeze nk'ivyabaye muri Egiputa igihe Mose yatumwa kwa Farawo: 1. Uwa mbere asuka igikombe ciwe, abafise ikimenyetso ca ca gikoko bose bafatwa n'ibisebe. 2. Uwa kabiri asuka igikombe mu kiyaga gicika amaraso ibikibamwo vyose birapfa. 3. Uwa gatatu asuka mu nzuzi no mu masoko bicika amaraso. 4. Uwa kane asuka mu zuba rica rihabwa kubaburisha abantu umuriro. Ariko abantu aho kwihana barogota ku Mana.