Igikoko ciburutse kiva mw'isi kirogota ku Mana
Ca gikoko kibonka kivuga ibikambaye kigira inganji ihambaye mw'isi. Isi yose ikurikira ico gikoko bagitangarira bagitazira kandi bgisenga. Kirogota ku Mana no kw'izina ryayo. Gihabwa kurwanya abera b'Imana no kubanesha. Ico gikoko na co ni Antikristo, wa mutegetsi ahambaye w'ivya politike.