Isezerano ry'umugisha muri Isirayeli

Imana yasezeaniye Abisirayeli ko izobakiza ivyago, bakibera ku murwa wa Yerusalemu mu mahoro ata nkomanzi. Bazobako umuhezagiro n'imisi mikuru y'akanyamuneza.

Abayuda bazokwambikwa inkomezi

Imana izokwambika inkomezi Abisirayeli baneshe abansi babo bose. Amahanga yaje gutera Yerusalemu azogesezwa. Abo inzu ya Dawidi na bo bazosukweko impwemu y'ubuntu n'iyo gusenga, bibonere Mesiya.

Isezerano ry'agakiza

Imana ifise umugambi wo kuzosubiza iteka i Yerusalemu mu gihe c’iherezo hakaba umurwa mukuru w’isi yose. Naho vyaboneka nk'ibidashoboka, ku Mana ho ntakidashoboka.

Abisirayeli bazogaruka ku Mana

Hari bihe bigoye bizoza mu gihe ca Antikristo ari co gihe c’iherezo. Imana izohagurukanwa no gutabara abantu bayo

Umwungere mubi

Kubera ko abisirayeli bagaraije Imana, umwungere wabo mwiza, izobahagurukiriza umwungere mubi. Uwo ntazoba abababaye na gatoya. Kw'iherezo uwo mwungere azorandurwa. Isirayeli igarukanwe ku Mana.

Ukwisonzesha Imana idashima

Imana yabwiye Abisirayeli ko imigenzo y'idini atari yo ikeneye; ko ico ibagombako ari ubutungane n'umubano mwiza. Bagakora ivyo igomba.

Inyifato Imana idashima

Abantu b'I Beteli batumye abantu 2 babaserukira I Yerusalemu mu rusengero kubaza igituma bamaze igihe kirekire bisonzesha ariko Imana ntibibabare. Bari biteze imigisha barahebura.

Gutabwa kw'Abisirayeli

Abisirayeli kubera ko batitondeye ijambo ry’Imana babaye nk’umukuku w’imbagwa. Ni ukuvuga ko Imana yabarekuriyeko umwansi akabatera bakicwa, abandi bagasabagirizwa mu mahanga menshi yo mw’isi. Kandi kubera ko bihakanye Kristo Yesu Umwungere mwiza Imana izobahagurukiriza Antikristo, umwungere mubi.

Yosuwa yambikwa urugori

Imana yashimye kwambika urugori Yosuwa umuherezi mukuru mu gishingo co kurwambika Zerubabeli, umutegetsi akomoka mu ruvyaro rwa Dawidi kugira yerekane ko ivyo ubwami bwa Dawidi vyahagaze.Iteka ryari ryimirije kuzoterwa Yesu azoba umwami n'umuherezi.

Isezerano ry'intsinzi ku Bisirayeli

"Imana yasezeraniye Abisirayeli intsinzi ariko imbere yaho bagaca mu makuba menshi kubera ugutera akagere Uhoraho.Imana ntiyahevye Abisirayeli namba, kandi nta miryango yazimiye nk’uko bamwe bivugira. Imbabazi z’Imana ni zo zatumye bazigamwe nk’ihanga. "