Ukuvuka kwa Esau na Yakobo

Twabonye ingene Esau na Yakobo bavutse ku bavyeyi bari bamaze igihe kirekire bataravyara kandi Isaka yabanje gutakambira Imana.

Umubwiriza w'Aburahamu atumwa gusabira umugeni Isaka

Twavuganye ahanini ingene Rebeka yahwanye na Isaka hanyuma tubona n'ivy'urupfu rwa Sara na Aburahamu.

Ingene Isaka yaronse umugeni

Twabonye ingene Eliyezeri umubwiriza w'Aburahamu yagiye gusabira umugeni Isaka mu gihugu c'I Harani muri Mesopotamiya.

Urupfu rwa Sara

Twabonye ivy'ukuvuka kwa Isaka n'ivy'urupfu rwa Sara.

Ishikanwa ry'Aburahamu

Twarabiye hamwe ivy'Aburahamu yemera gutanga Isaka umwana wiwe kw'ikimazi co kwoswa.

Ukwizera kwa Aburamu

Aburamu yagiranye ikiganiro ciza n'Imana. Bari bafitaniye ubumwe bushingiye ku kwizera kwa Aburahamu, n’isezerano Imana yamuhaye. Imana yamwemereye ko uruvyaro rwiwe ruzoragwa igihugu c'I Kanani.

Loti asubira kuba I Sodomu

Aburamu yagiye kurwanya ba bami bari baje bava mu buseruko bagatabatanga i bisagara vyo mu kiyaga co hafi y’ikiyaga c’umunyu, harimwo n’igisagara ca Sodomu. Ico gihe Loti umuhungwabo wa Aburahamu n‘ abantu biwe ndetse n‘ivyabo batwawe kw‘inyagano. Aburamu yaratabaye aranesha ariko yaranse gutorana amasahu yemera gutorana umugisha yasanganijwe na Melekisedeki, umuherezi mukuru w’Imana Ihoraho.

Aburamu abohoza Loti

Aburamu na Loti bamaze gutandukanam Imana yongeye guha amasezerano Aburamu. Igisagara Loti yarimwo caratewe , kiratsindwa, Loti n'abandi bantu bafatwa mpiri.

Aburahamu ahungira inzara muri Egiputa n'ingene yavuyeyo

Imigenderanire ya Aburahamu n’Imana yarabandanije. Aburahamu yaragiriye ngorane muri Egiputa yasuhukiyeyo kubera ibihe bibi vy’ikigoyi.

Ihamagarwa rya Aburamu

Imana yarahamagaye Aburahamu imuha amasezerano na we akayakiriza yompi. Imana yarahimbawe n’ukubona umuntu nka Aburamu yemera kurongorwa na yo kugeza aho aheba ivyiwe vyose atazi ibiri imbere.

Umunara w'I Babeli n'amamuko ya Aburahamu

"tUruvyaro rw’abahungu ba Nowa rumaze kurwira rwagomvye kugarariza Imana mu kwubaka umunara I Babeli. Imana yaciye iyoberanya indimi zabo. Mu ruvyaro rwa Shemu ni ho hakomotse Aburahamu, akaba ari na rwo rwahavuye rukavukamwo Yesu Kristo "