Ivy'ukuza kwa Yesu

Yesu aravuga ati ehe ndaza vuba, hahiriwe uwitondera amajambo yavugishijwe yo muri iki gitabu. Aravuga ati uwugabitanya n'ashishikare agabitanye, uwandura mu mutima n'ashishikare yandure, uwugororoka ashishikare agororoke, uwera n'ashishikare yezwe. Ehe ndaza vuba nzanye ingero kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n'ivyo yakoze.

Ibindi biranga ubwiza n'ugukayangana kwa Yerusalemu nshasha

Muri Yerusalemu shasha nta rusengero ruhari kuko Imana na wa Mwagazi ari bo rusengero rwaho. Uwo murwa ntiwakirwa n'izuba, ubwiza bw'Imana ni bwo buhakira. Ntihakenera kwakirizwa amatara kuko wa Mwagazi ni we tara ryaho. Aho rero ntihazogera ikintu gihumanya canke uwukora ibizira.

Ivyo imikogote ine

Umumarayika yasiguriye Zekariya yuko ivyo yeretswe vyerekana yuko amahanga yagiriye nabi Abisirayeli azobihanirwa. Yosuwa yarambitswe urugori rwo kwerekana ko igikorwa ciwe c'ubuherezi ari igikomeye imbere y'Imana kuruta ico umwami.

Ivyo Yohana yretsw hamaz kuba ijuru rishasha n'isi snhasha

Yabonye abanesheje bahabwa kunywa kw'isoko y'amazi y'ubugingo ku buntu. Abizeye Umwami Yesu ni bo bahawe kunesha kuva kuri ukwo kwizera. Ariko abanyavyaha batizera umugabane wabo ni mu kiyaga caka umuriro.

Ijuru rishasha n'isi nshasha

yohana yeretswe umurwa wera wururuka uva mw'ijur yumva ijwi ry'Imana rivuga riti ihema ry'Imana riri kumwe n'abantu bayo. Izobahanagura amosozi.

Kuzuka kw'abapffuy n'urubanza rw'ihrezo

Rupfu na kuzimu bazotererwa mu kiyaga caka umuriro ari co rupfu rwa kabiri. Uwo wese atanditswe mu gitabu c'ubugingo iherezo ryiwe ni ugutererwa muri uwo muriro.

Satani azimiza amahanga

Satani ni yamara kurekurwa azozimiza benshi abasunikira ku kugarariza ubwami bwa Kristo. Yohana yaciye yerekwa intebe niniya yera n'Iyiyivyagiyeko, isi n'ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakibonka. Urupfu n'ukuzimu bigarukana abapfuye bacirwa imanza zikwirany n'ivyo bakoze.

Ibindi bizoranga ubwami bwa Kristo

Yohana yeretswe intebe z'ubwami n'abazicayeko, bahabwa ubucamanza. Abona ubugingo bw'abishwe bahorwa ijambo ry'Imana baba bazima bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi, hamwe n'abera bose bo mw'Isezerano rya Kera. Abo bose ni abari mu mugabane w'ukuzuka kwa mbere. Iyo myaka iheze Satani azorekurwa asubire kwonona no gusunikira amahanga mu ntambara y'iherezo.

Ivy'ubwami bwa Kristo bw'imyaka igihumbi

Kristo ni we Mwami w'amahoro azoganza isi mu mahoro imyaka igihumbi. Ivyo ntivyoshoboka mu gihe Satani atarabohwa. Kandi ivyo kugira ngo bibe hazotegerezwa kubanza kuba ukuzuka kw'abapfuye. Ivyo Kristo azobikora ya marushwa ahambaye aheze.

Ivy'ububaha bwaKristo

Yohana yeretswe Kristo yicaye kw'ifarasi yera. Inyonga ziwe ni imbeya z'umuriro, yambaye ibitsibo vyinshi mu mutwe. Impuzu ziwe zabonetse zijobetswe mu maraso, kandi yitwa Jambo w'Imana. Ingabo zo mw'ijuru ziramukurikira ziri ku mafarasi yera zambaye impuzu zera derere zitanduye. Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe ari ryo jambo ry'Imana. Kandi yari yanditsweko ngo "Umwami w'abami, uwuganza abaganza".

Ikindi catuma iryo shengero rinini rihimbaza Imana

Ryaririmbishwa n'uko imanza z'Imana ari iz'ukuri n'ukugororoka. Bari barababajwe cane n'umwe maraya w'agahebuza mugabo Imana ikaba imuciriye urubanza imuhoye ubusambanyi bwiwe n'amaraso y'abashumba bayo.