Igitabu kizinguruye cari mu kuboko kw'umumarayika w'inkomezi
-
Ihishurirwa 14:14-20
Close
Ivy'umumarayika w'inkomzi n'agatabu yari afise
Buzoba ari ubutumwa bw'imburi ku basenga ca gikoko n'igishushanyo caco. Yohana amaze kubona abo bamarayika bavuga ubutumwa aca abona isi yimburwa.
Ivyago ntivyatumye abantu bihana
Abo ni bo babonetse batandujwe n'abagore n'ibindi vyaha. Bacunguwe ngo babe ivyeze ubwa mbere ku Mana no ku Mwagazi. Batoranijwe mu Bayuda ngo bazobwire abo mw'isi ukuri ku Mana, ku gakiza ka Yesu, no ku gihano c'Imana ku bansi bayo.
Ububi bw'izo nzige n'ibindi vyago
Yohana yeretswe mw'ijuru Umwagazi n'abacunguwe. Abo na bo yabonye bari ba bandi 144.000 badomwko ikimenyetso c'Imana co kuzigamwa.
Ivy'igikoko kigira kabiri
Ico gikoko ca kabiri ari co wa mutegetsi ahambaye mu vy'idini azoba aje kuzimiza abantu ngo basenge Antikristo aho gusenga Imana y'ukuri. Ico gikoko cabontse gihambaye cane kandi gishobora gukora ibitangaza bigatuma gishobora kuzimiza benshi.
Inzamba y'umumarayika wa gatanu
umumarayika wa gatanu avugije inzamba yiwe habonetse inyenyeri ivuye mw'ijuru ihabwa urupfunguruzo rw'i Kuzimu yugurura urwobo rufundukamwo urwotsi ruteye ubwoba, muri urwo rwotsi havamwo inzige ziryana nka sikorupiyo. Izo nzige zibwirwa kurya abantu bose batadomweko ikimenyetso c'Imana.
Ba bamarayika indwi bavuza inzamba zabo
Ca gikoko kibonka kivuga ibikambaye kigira inganji ihambaye mw'isi. Isi yose ikurikira ico gikoko bagitangarira bagitazira kandi bgisenga. Kirogota ku Mana no kw'izina ryayo. Gihabwa kurwanya abera b'Imana no kubanesha. Ico gikoko na co ni Antikristo, wa mutegetsi ahambaye w'ivya politike.
Ivyo Yohana yeretswe hamaze kumenwa ic'indwi kimatanije igitabu
Yohana yeretswe ibikoko bibiri, kimwe ciburuka kiva mu kiyaga, insiguro yaco bukaba ari ubutegetsi bukomeye buzoza, iyindi nsiguro ikaba ari umutegetsi akomeye can mu vya politike. Ikindi gikoko yabonye ciburuka kiva mw'isi, uwo na we akazoba ari umutegetsi akomeye mu vy'idini.
Ivyabaye hamaze kumenwa agashashara k'indwi.
Ca gisato kigirira inzigo wa mugore kironra kumwica ariko Imana irakinga. Ni ho caca kigumanira ishavu n'inzigo abo mu ruvyaro rwa wa mugore ni ukuvuga abo mw'isi bose.
Mw'ijuru batangarira abaunguwe
Wa mugore yacciye ahungishirizwa mu bugaragwa aho yateguriwe, ntivyashobokeye ca gisato gushika ku ntumbero yaco. Uwo mugore ni Isirayeli ari we yavutsemwo Mesiya. Ico gisato ni Satani. Yahavuye atera intambara mw'ijuru ariko araneshwa akororerwa mw'isi hamwe n'abamarayika bandi bamukurikiye mu bugarariji bwiwe.
Ishengerpo rinini
Yohana yabonye mw'ijuru umugore yambaye izuba, kandi ukwezi kuri musi y'ibirenge vyiwe, yambaye mu mutwe urugori rw'inyenyeri cumi na zibiri. Yagira avyare ariko haboneka igisato citeguye kumira umwana agira avuke. Ariko umwana yaciye asahurwa ahungishirizwa ku Mana no ku ntebe yayo.