Benyamini muri Egiputa

Ikigoyi cari cakwiye hose, bene se ba Yosefu baza gusuma muri Egiputabatazi ko ari Yosefu abiganza. Arabamenya ariko bo ntibamumenya.Asigarana Simeyoni abatuma kuduga i Kanani batwaye indya ariko ngo bazogaruke bazanye na murumua wabo Benyamini

Bene se ba Yosefu baja gusuma muri Egiputa

Baja gusuma muri Egiputa batazi ko ari Yosefu abitanga, arabamenya na bo ntibamumenya, asigarana Simeyoni abaha ivyo kurya batwara abategeka kuzogaruka bazanye murumuna wabo Benyamini

Yosefu asobanura indoto za Farawo

Yosefu asobanura izo ntoto ati hazoba imyaka ndwi y'agahimbo n'iyindi ndwi y'ikigoyi.

indoto za Farawo

Farawo yarose abona inka nwi nziza, haca haza izindi ndwi zinanutse zirazimira. Yongera arota imishishi nwi y'ingano nziza ku giti kimwe haca haza imishisho ndwi y'ibihumbwa bimira bimwe vyiza.

Yodefu asobanura indoto z'abakozi ba Farawo

Yosefu amaze gutererwa mw'ibohero abakozi babiri ba Farawo bazanwa kuboherwa aho Yosefu yari abohewe. Aba ari we abitwararika. Umusi umwe abo babiri barota inzozi Yosefu arazibasobanurira bimera uko yabivuze.

Yosefu yipfuzwa n'umugore wa Potifari

Umugore wa Potifari yipfuza kuryamana na Yosefu na we aranka kuko yari yarafashe ingingo yo kutazokwiyanduza. Wa mugore aramubeshera bamuta mw'ibohero.

Yosefu abera umugisha urugo rwa Potifari

Yosefu yamanukanywe n'Abishimayeli bamugurisha muri Egiputa kwa Potifari umugendanyi wa Farawo. Imana ibana na Yosefu ivyo mu rugo rwa Potifari bigenda neza.

Icaha ca Yuda

Yuda yasambanije umukazana wiwe Tamari agira ngo ni umumaraya maze amutera inda. Imaze kuboneka Yuda nyene aba uwa mbere kumucira urwo kwicwa.Tamari yerekana ibimenyetso yuko ari sebukwe yamuteye inda. Yuda aremera ko ari we.

Indoto za Yosefu

Yosefu yarose abona umuganda wiwe uhagaze iyindi yose iwukikije iwunamira. Yongera arota abone izuba n'ukwezi n'inyenyeri bimwunamira

Umuryango wa Esawu

Esawu yaba i Kanani aca afata umuryango wiwe aja kuba mu kindi gihugu ku musozi Seyiri Esawu ni we Edomu

Urupfu rwa Rakeli

Rakeli apfa ariko aravyara Benyamini. Urwo rupfu rubabaza Yakobo cane kuko yamukunda birenze.