Igikoko ciburutse kiva mw'isi kirogota ku Mana
-
Ihishurirwa 13:2-8
Close
Igisagara ca Babuloni kizoba agaterantimba
Babuloni hazobona ibara kugeza aho n'abahora bahakorera urudandazwa batazosubira n'ukuhatumbera. Ico gisagara kizohanwa nk'uko Imana izoba ihanye umwansi wayo. Ico gihe ngo abami n'abahambaye basangiye na we ibibi bazomuririra bavuze induru babonye umwotsi wo kuyigira kwiwe.
Yohana yerekwa ibikoko bibiri
Yohana yeretswe ibikoko bibiri, kimwe ciburuka kiva mu kiyaga, insiguro yaco bukaba ari ubutegetsi bukomeye buzoza, iyindi nsiguro ikaba ari umutegetsi akomeye can mu vya politike. Ikindi gikoko yabonye ciburuka kiva mw'isi, uwo na we akazoba ari umutegetsi akomeye mu vy'idini.
Gusenyagurika kw'i Babuloni
Babuloni cahoze ari igisagara c'ikinyedini y'ibinyomaubu na ho kizoba igisagara c'ubutunzi bwo mw'isi. N'ubukomezi mu vya politike. Ugusambuka kwa Babuloni kizoba ari igihano c'Imana.
Satani atangura kurwanya abo mw'isi
Ca gisato kigirira inzigo wa mugore kironra kumwica ariko Imana irakinga. Ni ho caca kigumanira ishavu n'inzigo abo mu ruvyaro rwa wa mugore ni ukuvuga abo mw'isi bose.
Ibindi vyerekeye ico gikoko
Ico gikoko c'imitwe 7 ni ca gisagara ca Roma cubatswe ku misozi 7. Carabayeho kiganza, ubwo bubasha burahera, ariko buzogaruka. Ni co gituma vyanditswe ngo kigira kiduge kive i kuzimu. Roma yaraganje isi bihagije hanyuma irahwama, Ariko n'ubundi izosubira kuganza isi.
Igisato c'amahero gikororwa kiva mw'ijuru.
Yohana yatanguye kubona umumarayika w'indwi asutse igikombe ciwe mu kirere yumva ijwi ry'Imana riti karabaye. Habaho imiravyo, imituragaro n'ugutigita kw'isi guhambaye kugeza aho igisagara Babuloni kigaburwamwo gutatu, ibisagara vy'abanyamahanga birasenyuka. Yohana abona maraya w'agahebuza, nukuvuga kirya gice c'ishengero ry'abantu batigeze bizera neza Yesu. Yerekwa n'umugore yicaye ku gikoko gitukura gifise imitwe 7 n'amahembe 10 ni ukuvuga igisagara ca Roma kizoba ari umurwa w'isi yose mu vy'idini. Uwo mugore ni idini yuzuyemwo uburyarya iboneka ko ubwiza bw'inyuma gusa.
Yohana yerekwa umugore n'igisato c'amahero
Uwa gatanu asuka igikombe ciwe ku ntebe y'ubwami ya ca gikoko umwijima, uburibwe n'ibisebe biba umurengera, abantu barogota ku Mana. Uwa gatanatu asuka mu ruzi runini Efurate, rurakama, inzira y'abami bava mu buseruko ica iraboneka. Mu kanwa ka ca gisato, no mu kanwa ka ca gikoko no mu kanwa ka wa muvugishwa w'ibinyoma havamwo impwemu zitatu zihumanye zisa n'ibikere.
Abo bavugabutumwa babiri barapfa barazuka
Ngaha turabona ivyago bine kandi ivyo vyago vyabonetse bimeze nk'ivyabaye muri Egiputa igihe Mose yatumwa kwa Farawo: 1. Uwa mbere asuka igikombe ciwe, abafise ikimenyetso ca ca gikoko bose bafatwa n'ibisebe. 2. Uwa kabiri asuka igikombe mu kiyaga gicika amaraso ibikibamwo vyose birapfa. 3. Uwa gatatu asuka mu nzuzi no mu masoko bicika amaraso. 4. Uwa kane asuka mu zuba rica rihabwa kubaburisha abantu umuriro. Ariko abantu aho kwihana barogota ku Mana.
Ivy'abavugabutumwa babiri
Ivyo ni ivyago bizosukwa mw'isi muri ca gihe c'amarushwa. Ntikizoba ari igihe co kuvugutira ishengero ngo rihave ryezwa nk'uko bamwe bivugira. Oya nyabuna ivyo vyago bizoba ishengro ryaramaze gukurwa mw'isi
Igitabu kizinguruye cari mu kuboko kw'umumarayika w'inkomezi
Uwo muhoro ukarishe wari ufiswe n'uwusa n'umwana w'umuntu yicayc ku gicu yambaye urugori rw'inzahabu. Aca aterera uwo muhoro mw'isi kugira yimbure ivyimburwa vyumye.