My360 Helper


Umugurano wa Yesu Kristo

Yuda yaratahuye yuko kuba murumana wa Yesu atari ikintu cokumuha ubukuru. Ntiyagomba ko abantu batangura gushira hejuru n’ugusenga abo mu nzu ya Yesu nk’uko vyari bitanguye kwibonekeza mu myaka ya mbere Yesu amaze kuva mw’isi.

Ibara rizogwa ku nkozi z'ibibi

Imana iravuga ku vyaha vy'abantu b'i Babuloni harimwo n'ugusahura n'ukugnra mu kaboreerwe, iti bazobona ibara. Ico ni iigwaa no ku mahanga y'uyu musi. Ntamahoro ku banyavyaha, kandi n'amagara yabo agramiw n'akaborerwe kabo.

Yuda mwene nyina w'Umwami Yesu

Umwanditsi Yuda arwanya ashimitse abantu bariko bakwiza inyigisho z’ibinyoma binyegeteje mw’ishengero, amenyesha kandi igihano bazohanwa

Umugororotsi azobeshwaho n'ukwizera

Umuntu w'Imana yemeye guhagarara ku munara ateramye kandi ahwekereye imbere y'Imana aba yiteguye kwumva ico imubwira. Kandi kubera ko ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe dusabwa kwizera; na kare vyanditswe hano mu gitabu ca Habakuki 2: ngo: …Umugororotsi azobeshwaho n'ukwizera nk'uko tubisolma no mu bitabo vyo mw'Isezerano Rishasha

Umugisha ku masigarira

Imana izohindura amako iyakoranirize hamwe avuga ururimi rutunganye. Amasigarira y'Abisirayeli azohunga ibigabitanyo, maze Uhoraho azogerera hagati muri bo abakize ivyago vyose, abahindure ihanga rikomeye.

Habakuki avugira ihanga ryiwe.

Habakuki yagerageje kuvugira ihanga ryiwe imbere y'Imana kuko ntiyumva ingene Abakaludaya batubaha n'Imana boba inkoni yo guhaba Abayuda. Ariko arushirije guhwekera imbere y'Imana yaratahuye yuko inzira z'Imana iyo zoca hose ari zo nziza

Igihano kuri Yerusalemu

Naho Isirayeli yabonye ingene Imana yahoneje amahanga iyahoye ivyaha vyayo, na yo ntiyigeze ibikuramwo icigwa co guhindukirira Uhoraho. Kubwo ivyo Yerusaremu izosangangurwa, isigare ari imisaka.

Habakuki yerekana ibibi azi ku Bakaludaya

Habakuki arerekana ukuntu Abakaludaya ari abantu b'ibirara kandi b'abaryarukanyi. Yumvise ababajwe n'uko abo bantu babi ari bo boza guhana Abayuda kandi bobo bigendeka n'aho na bo nyene bari abanyavyaha. Arabaza Imana ati none abo Bakaludaya uremeye ko boza gucuranguza abantu bawe?

Habakuki ababazwa n'uko ihanga ry'Abakaludayo ari ryo rizohagurukira guhana Abayuda

Habakuki yumvise yuko Abakaludayo ari bo bazotumwa guhana Abayuda yumva arababaye kuko azi yuko Abo bakaludaya ari abantu babi b'abicanyi. Yaciye yongera kubwira Imana uko avyumva ati mbega wadushiriyeho gupfa kandi uri Uwera natwe dufise isezerano ko tutazopfa? Ukwo kudapfa yavuga cari igitutu c'ingene Mesiya azoza agatanga ubugingo butazoshira ku bamwizera bose.

Urubanza kw'isi yose

Imana yahamagaye Abayuda ngo biyigarukeko nayo ibaharire. Yarabasezeraniye kandi ko izocira urubanza, abansi babo bose, ibihugu vyabo azobihindue imisaka.No muri kazoza Yesu azocira urubanza abanse kwihana.

Habakuki yerekwa ivyaha biri mu gihugu

Habakuki yabonye ivyaha biguma birwira mu gihugu abaza Imana igituma ibireha ngo bibandanye gukoreka ukamengo ntibibona. Ariiko na yo iramubwira iti ndabibona kandi ndiko ndategura ukhanga ry'Abakaludaya kugira rizohagurukire guhana Abayudz n'ivyaha vyo mu bwami bwabo