Ingene Yakobo yahwanye na Esawu

Yakobo avuye kwa Labani yaniganye n'umumarayikaasiga amuhezagiye amuhinduye n'izina ati ubu uzokwitwa Isirayeli

Imana ihezagirira Yakobo I Beteli

Twumvise ivya Yakobo n'abiwe bava mu gisagara ca Shekemu, baja I Beteli.tubona kandi n'ingene Yakobo amaze kuva I Padani- Aramu Esawu yamusanganiye n'igishika cinshi amuha ikaze mu b'iwabo.

Inkurikizi z'icaha

Twarabiye hamwe ukuntu habaye isanganya mu muryango wa Yakobo. Dina yasambanijwe ku gahotoro na Shekemu, umwami w'I Shalemu , basazawe baca bica abagabo bose bo muri ico gisagara ca Shekemu nko kwihora.

Yakobo atakambira Imana

Twarabiye hamwe ivyashikiye umuryango wa Yakobo inyuma yo kuva Padani- Aramu kwa Labani agarutse mu gihugu ca sekuru arico Kanani.

Yakobo asubiza hamwe na Esau

Twarabiye hamwe ukuntu Yakobo yavuye kwa Sebukwe Labani agasubira mu gihugu c'isezerano , agenda aca mu bintu bitoroshe ariko Yesu amusanga muri ivyo nyene ahindura ubugingo bwiwe bituma yamba yibuka Imana mu buzima bwiwe.

Yakobo ahura na mukuruwe Esau

Twarabiye hamwe ivy'ubugingo bwumvira Imana kandi bwicishije bugufi bwa Yakobo kuko Imana yamukozeko.

Yakobo acikana ivyiwe vyose ava kwa Labani

Twabonye ingene Yakobo yacikanye ivyiwe vyose ahunga Labani atabimumenyesheje .

Ivy'ukuvuka kw'abana ba Yakobo

Twabonye ingene yakobo yiteguriye kuva mu rugo kwa Inarume aho yaramaze imyaka 20 ariko aramukorera mu kumuragirira imikuku yiwe.Muri iyo myaka 20 , 14 yayikoreye nk'inkwano yo guha Labani kugira amushingire abakobwa biwe babiri ari bo Leya, na murumunawe Rakeli.

Yakobo ashika kwa Labani

Twabonye ingene Yakobo yashingiwe Leya mu gishingo ca Rakeli.Twabonye kandi ko ivyashikiye Yakobo ari ingaruka z'ivyo yari yarakoze.

Urugendo rwa Yakobo

Twavuganye ivy'urugendo rwa Yakobo aja kwa Inarume Rabani hamwe n'ingene Imana yamwiyeretse ari mu nzira.

Yakobo yiba umugisha

Twabonye ingene Yakobo yiyoberanije mu kwihidura Esau hanyuma akamutwara umugisha wo kuba samuragwa.