Yohana agaragaza umunezero kubwa Gayo
-
3 Yohana 1: 4 - 7
Close
Habakuki yerekwa ivyaha biri mu gihugu
Habakuki yabonye ivyaha biguma birwira mu gihugu abaza Imana igituma ibireha ngo bibandanye gukoreka ukamengo ntibibona. Ariiko na yo iramubwira iti ndabibona kandi ndiko ndategura ukhanga ry'Abakaludaya kugira rizohagurukire guhana Abayudz n'ivyaha vyo mu bwami bwabo
Urukundo rwa Yohana kuri Gayo
Muri kino cigwa, turumviriza urukundo Yohana agaragaza kuri mweneData Gayo. Amwita umukundwa kandi amwipfuriza gutunganirwa mu mubiri no mu Mutima.
Intangamarara y'igitabu a Habakuki
Igitabu ca Habakuki kivuga ku buzima bwiwe n'ingene yabanye n'Imana ayibaza ivbimubakiye na yo ikamwishura. Habakuki yatanguye abaza igituma Imana umenga ntibona ibibi birikko birakorwa i Buryuda. Imana iramwereka ko ibibonq kandi iriko irategura Abakaludaya bo guhana Abayuda, hanyuma ikazohava ihana abo Bakaludaya.
Intangamarara y'icete ca 3
Twarabiye hamwe intangamarara y'aya ma kete yose uko ari atatu yanditswe na Yohana. Twarumvise ko umwanditsi ari Yohana intumwa kandi ko yayanditse igihe kiri hafi y'impera y'ikinjana ca mbere. Intumbero nyamukuru iboneka n'urukundo mu bana b'Imana nk'uko twabibonye mu ikete rya mbere rya Yohana . Mu ikete rya kabiri naho, Yohana yerekana ko umwana w'Imana ategerezwa kwitaho no gufasha abakozi b'Imana ariko abanje kumenya ko ari abo ukuri. Mu ikete rigira gatatu yerekana ingene umuntu umwe wese yoshingira intahe Imana afatiye kuri Gayo, Diyotirefe na Dimeteriyo.
Ibara ryabaye kuri Ninewe.
igihe co guhanwa no gusambuka kwa Ninewe igisagara c' ikinywamaraso amahanga yose azobirabisha amaso yiruhutse. Nta n’umwe azokigandarira, nta n’umwe azokirira. Nta bagandara bazoba muri ico gisagara. Ntihazoboneka abo kuririra Ninewe. Mu yandi majambo amahanga yose azoba anezerewe no gusambuka kwaho.
Tugendere mu cagezwe c'urukundo
Mu cigwa c’uno musi tuza kurabira hamwe ko umuntu atagumye mu vyo Kristo yigishije ataba afise Imana. Turaza kurabira hamwe ko tudakwiye kwakira canke guha ikaze mu nzu zacu umuntu azanye inyigisho zitandukanye n’iza Kristo. Reka rero tubandanye icigwa cacu.
Icatumye Imana irandura Ninewe.
Ninewe cari igisagara c' ikinyamaswa. Ibibi cakora vyaraduze bishikira Imana, bituma ifata ingingo yo kukirandura. Ibintu bikuru bikuru vyatumye Imana irandura Ninewe navyo ni: ubwicanyi, ibinyoma, ubusuma, ubusambanyi n’ubupfumu ari bwo kandi bujanye no gusenga ibigirwamana.
Urukundo n'iki?
Mu cigwa c’uno musi tubandanya kwumva ivyo urukundo n’ukuri. Turaza kurabira hamwe ukuntu ubugingo bubonekera mu nyigisho za Kristo. Dusozera tubwirwa kwiyubara ngo ntiduhombe ivyo twakoreye
Ugutsindwa kwa Ninewe.
Ninewe cari cubatswe hejuru cane y’isesero ry’urwo ruzi ariko rumaze kwuzura rukarenga inkombe, rwaciye rutwara igice kinini c’uruhome rukingiriye igisagara gutyo umwansi abasha kwinjira mu gisagara. Urwo ruzi rwaruzuye kurenza urugero rucira icanzo umwansi yari yarondeye guca ubwiwe. Ingomero z’amazi zaruguruwe ndetse n’ikirimba c’umwami kiratwarwa n’amazi.
Urukundo rukwiye kuguma mu karimbi k'ukuri
Mu cigwa c’uno musi tubandanya kwumva ukuntu urukundo rukwiye kugarukira mu karimbi k’ukuri. Mu murongo wa kabiri w’iri kete havuga ngo: “Kubwo ukuri kuguma muri twebwe, kukazogumana natwe ibihe bidashira (2Yohana 2).” “Kubwo ukuri” bisobanurwa kurwanira ukuri. Dukwiye kumenya ko ukuri gutegerezwa gukingirwa.