Ivyiza biva mu kwihangana
-
Yakobo 5: 1 - 6
Close
Intangamarara y'igitabo
Mu kiganiro giheruka twabonye mu gice ca 4, ivy'ukugwanya satani , ukwicisha bugufi hamwe n'ukwirinda gufata imigambi ya kazoza hatarimwo Imana.
Urukundo hagati y’abana b’Imana
Twaronse inyigisho zijanye nokwirinda ngo ntiducudike n'isi nk'uko tubibona Yakobo 4:4 havuga ngo : Yemwe basambanyi ntimuzi yuko gucudika n'isi ari ukwankana n'Imana. Nuko umuntu wese agomba kuba incuti y'isi aba yigize umwansi w'Imana.Iyo tugomvye rero kwifatanya n'ab'isi kugira ngo dushobore gushikira ivyo tugomba tuba tubaye abasambanyi. Kanatsinda twifadikanije n'ab'isi mu migambi yacu , tuba twemeye no gukoresha n'uburyo bakoresha mw'isi mukuyirangura. kuri bo rero kugunga, ukubesha no kwiba nibintu bisanzwe kandi biraborohera kubikora.
Isirayeli ihinduka umuzabibu utotahaye
Ubuheruka twaganiriye ivy'ugufata ururimi. Twongera turabira hamwe mu ncamake itandukaniro ry'ubwenge bwo mw'isi n'ubwo mw'ijuru.Twibukanije ko ururimi rushobora guturira igisagara canke rugaturira igihugu cose iyo rukoreshejwe nabi. Umukristo w'ukuri yirinda kuvuga vuga, akitwararika kwumva ijambo ry'Imana no kurinonosora. Ikindi twokwibukanya nuko ubwenge bwo mw'isi burangwa n'ubwibone n'izindi ngeso mbi ariko ubwenge bwo mw'ijuru bukarangwa no kugororoka n'amahoro biva ku Mana ( Yakobo 3:17)
Ingene ab'Isirayeli batazoguma mu gihugu
Twumvise amajambo y'intangamara y'iki cete canditswe na Yakobo. Yakobo yarerekanye neza ko ukwizera kubonekera mu bikorwa. Muri iki cete turabona amajambo abiri aguma agaruka: irya mbere n'ukwizera, irya kabiri n'ibikorwa arizo mbuto z'ukwizera.Umuntu yizera hanyuma akagira ibikorwa vyiza biboneka yuko ukwizera kwiwe kugira ivyo kwamye kandi vyiza.
Isirayeli ihindukirira ibigigwamana bibiri
Twarabiye hamwe ingene ukwizera kutagira ibikorwa ataco kuba kumaze. Yakobo we yavuze ngo: Ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye ngo kandi nkuko umubiri utarimwo impwemu uba upfuye niko n'ukwizera kutagira ibikorwa kumera( Yakobo 2:26).Ukwizera guhingugwa n'ibikorwa kandi ibikorwa vyakwo nivyo bidutsindanishiriza .
Isirayeli ihindukirira Egiputa na Ashuri ngo bibakize
Ikiganiro giheruka, cari gishimikiye kuvyo kwirinda ngo ntitukarobanure abantu k'ubutoni. Twarumvise yuko Imana idahimbagwa nukubona abantu bacinyizwa kubera ko ari aboro. Mw'isi yose usanga abantu bato bato bafashwe nabi hagashirwa hejuru abatunzi n'abategetsi igitangaje kandi nuko usanga akarenganyo karashitse no mw'ishengero ry'abizera Umwami Yesu. Imana iragomba ko tumenya ko umutunzi atariwe ahiriwe,ubutunzi bwiwe ni ubw'igihe gito kuko ari ubwo mw'isi . Ni vyiza kandi kumenya yuko aboro bashobora kubamwo ubutunzi buhambaye muvyo kumenya Imana.
Ivyizigiro vya Isirayeli
Twumvise ivyiza biva mukwitegereza no gushishikara ivyagezwe vy'Imana, uwo vyitondera azohabwa umugisha muvyo akora. Twaraganiriye kandi kuvy'idini nyakuri. Icambere kiranga idini y'ukuri ngo ni ugufata ururimi, ni ugufasha impfuvyi n'abapfakazi mu mibabaro yabo. Ikindi gihambaye n'ukwirinda ngo ntitwanduzwe n'ivy'isi.ivyo vyose biri mumirongo yanyuma y'igice cambere c'icete canditswe na Yakobo.Twarangirije mu gice ca kabiri cico cete aho twumvise ivyo kwirinda kurobanura abantu ku cubahiro.
Isirayeli iva ku Mana
Twarabiye hamwe ivyerekeye gukora ico ijambo ry'Imana rivuga. Twarumvise ko ari ngombwa yuko dukora ivyo ijambo ry'Imana ritubwira nk'uko vyanditse mu cete ca Yakobo 1:22. Abatarakizwa bo ubutumwa bakwiye n'ubwo kwizera Umwami Yesu arikwo kwizera ijambo ry'Imana. Nayo ukwirukira gukora canke gushira mu ngiro ijambo ry'Imana ribasaba ntavyo baba barashobora, bakwiye gusa kubanza kwakira n'ukwizera Umwami Yesu. Twarabonye mu ceye ca Yakobo 1:23 na Yakobo 1:24 yuko hari akaga gakomeye mu kwirengagiza Ijambo ry'Imana ariko Yakobo 1:25 turabona ko ari umugisha ku bumva ijambo ry'Imana bakaryatondera.
Ingene ab'Isirayeli baranduwe
Twihweje ivyo kwirinda kuvuga menshi, kwirinda kuraka nivyo kwiyambura ibitwandunza vyose bidutandukanya n'Imana . Twarabonye ijambo rikomeye (Yakobo 1:22) ngo :ariko mube abakora ivy'iryo jambo ntimube abaryumva gusa mwibesha. Ayo yose n'amajambo atubwira twebwe abamaze kwakira Umwami Yesu tukaba turi abana b'Imana , niyo atwigisha uburyo dukwiye gushira mu ngiro ijambo ry'Imana. Nayo abatarakira agakiza bo ntibabwigwa gushira mu ngiro ijambo ry'Imana , abo ubutumwa bwabo n'ukwizera iryo jambo bakaba abana b'Imana . Ntakindi Imana ibasaba kuyikorera ahubwo ibabwira ko hari ico yabakoreye kugira ngo bacizere. Abamaze kuba abana b'Imana rero nibo basabwa kuyikorera .
Isirayeli itsindwa n'urubanza
Twasomye icete canditswe na Yakobo 1:16-19. Twarumvise ibintu bimwe bimwe vyerekana umuntu yavyawe ubwa kabiri kubw'ijambo ry'Imana : gutanga n'umutima ubikunze, kwirinda kuraka, ivyo vyose n'ingendo ziranga umukristo w'ukuri. Twibukanije ivyanditse muri iki cete ca Yakobo 1 :19,havuga ngo : ivyo murabizi bene data nkunda, yamara umuntu wese niyihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka, igikuru dukwiye kwihutira kwumva ni ijambo ry'Imana.Biboneka ko hari abakristo benshi bihutira gushinga intahe no kuvuga ijambo ry'Imana kandi batararimenya mbere bakiri bato mu kwizera . Nivyiza kwihutira kwiga no kunonosora ijambo ry'Imana imbere yo kuryigisha abandi. Bitayeko mu bugingo bw'umukristo hakwiye kwirinda akarimi karekare kandi hakihutirwa kwumva no kumenya ivy'Imana igomba. Ikintu twumvise umukristo ategerezwa kwirinda n'ugushavura. Twasomye ngo atebe kuraka, dutegerezwa kwirinda amajambo yose y'ibihari yotuma turaka naho kwoba ari uguharira kuvy'Imana.Izo mpanuro zose nizo kudufasha kwirinda ibidutandukanya n'Imana.