Icaha ca Yuda

Yuda yasambanije umukazana wiwe Tamari agira ngo ni umumaraya maze amutera inda. Imaze kuboneka Yuda nyene aba uwa mbere kumucira urwo kwicwa.Tamari yerekana ibimenyetso yuko ari sebukwe yamuteye inda. Yuda aremera ko ari we.

Indoto za Yosefu

Yosefu yarose abona umuganda wiwe uhagaze iyindi yose iwukikije iwunamira. Yongera arota abone izuba n'ukwezi n'inyenyeri bimwunamira

Umuryango wa Esawu

Esawu yaba i Kanani aca afata umuryango wiwe aja kuba mu kindi gihugu ku musozi Seyiri Esawu ni we Edomu

Urupfu rwa Rakeli

Rakeli apfa ariko aravyara Benyamini. Urwo rupfu rubabaza Yakobo cane kuko yamukunda birenze.

Yakobo asubira i Beteli

Imana igendera Yakobo imubwira kuduga i Beteli ngo ayubakireyo ibicaniro. Yakobo abwira abiwe kwitandukanya n'ibigirwamana

Abahungu ba Yakobo basaba abantu ba Shekemu bose gukebwa

Bebene Yakobo basaba abo kwa Shekemu gukebwa kugira ngo bazoze barasabana abageni

Shekemu afata Dina ku nguvu

Dina yagiye kuramutsa abakobwa bo muri ico gihugu, Shekemu aramubona aramwipfuza aca amufata ku nguvu

Yakobo asubiza hamwe na Esawu

Yakobo yaje azanye ingabire kugira asabe ikigongwe Esawu. Aramwinginga arazakira basubiza hamwe.

Ingene Yakobo yahwanye na Esawu

Yakobo avuye kwa Labani yaniganye n'umumarayikaasiga amuhezagiye amuhinduye n'izina ati ubu uzokwitwa Isirayeli

Imana ihezagirira Yakobo I Beteli

Twumvise ivya Yakobo n'abiwe bava mu gisagara ca Shekemu, baja I Beteli.tubona kandi n'ingene Yakobo amaze kuva I Padani- Aramu Esawu yamusanganiye n'igishika cinshi amuha ikaze mu b'iwabo.

Inkurikizi z'icaha

Twarabiye hamwe ukuntu habaye isanganya mu muryango wa Yakobo. Dina yasambanijwe ku gahotoro na Shekemu, umwami w'I Shalemu , basazawe baca bica abagabo bose bo muri ico gisagara ca Shekemu nko kwihora.