Uburongozi bw'ishengero.

Muri kino cigwa twiga ku migenderanire itegerezwa kuba hagati y’abakuru b’ishengero n’imirwi itandukanye y’abakristo. Pawulo yandikiye Timoteyo amwereka yuko yofata neza abatama n’abatamakazi, kandi akiyubara mu nyifato yiwe imbere y’imisore n’inkumi. Twarumvise kandi ingene abapfakazi bakwiye kugirirwa mw’ishengero.

Insiguro ya 2 yatumye Yerusalemu hasenyuka

Twarabiye hamwe insobanuro igira kabiri yatumye Yerusalemu isambuka: 1- Twabonye ko Yerusalemu yasambutse kuko yakoze ivyaha birengeje. 2- Yerusalemu yasambutse kuko Uhoraho agororotse , ari Imana Year itagomba icaha imbere yayo. Ikindi kintu twabonye , n'indirimbo za Yeremiya zo gucura intimba kubw'i gisagara c'i Yerusalemu.

Kwubaha Imana no kuba umunyangeso nziza.

Muri kino cigwa turabonamwo impanuro Pawulo yandikiye Timoteyo zijanye n’ukwubaha Imana hamwe n’ukuba umunyangeso nziza. Pawulo yagomba ko Timoteyo yoba icitegerezo ciza mu vyo ukuvuga neza, mu kugira ingeso nziza, mu kwizera no mu kugira urukundo, ndetse no mu kugira umutima utanduye.

Insiguro ya 2 yatumye Yerusalemu hasenyuka

Twarabiye hamwe insobanuro igira kabiri yatumye Yerusalemu isambuka: 1- Twabonye ko Yerusalemu yasambutse kuko yakoze ivyaha birengeje. 2- Yerusalemu yasambutse kuko Uhoraho agororotse , ari Imana Year itagomba icaha imbere yayo. Ikindi kintu twabonye , n'indirimbo za Yeremiya zo gucura intimba kubw'i gisagara c'i Yerusalemu.

Ibiranga Abagisha b'ibinyoma.

Uno musi tuganira ku mpanuro Pawulo yandikiye Timoteyo zijanye n’ukwirinda abigisha b’ibinyoma. Pawulo yagomba ko Timoteyo amenyesha abakristo ko na bo bakwiye kuba maso ntihagire uwobatesha inyigisho z’ukuri kw’Ijambo ry’Imana bakiriye.

Intangamarara y'igitabu

Twabonye intangamarara y'igitabu c'ugurintimba . Twize igihimba ca mbere aho twabonye Yeremiya aririra Yerusalemu.Twabonye kandi insiguro imwe y'igituma Yerusalemu yasambuwe. Yeremiya yavuzeko Yerusalemu yasambuwe kubera icaha bakoze. Imana ntiyihanganira icaha.

Ibiranga Abadiyakoni.

Uno musi duheraheza inyigisho zerekeye ivyo Imana isaba ku bakuru bo mw’ishengero. Twasanze Abazezwashengero n’Abadiyakoni bose basabwa kuba abizigirwa, kugira ngo babe abaserukizi beza b’Umwami Yesu mw’isi. Pawulo yarerekana ko yandikiye ivyo vyose Timoteyo kugira ngo amenye ingene bikwiye kugenzwa mu ngoro y’Imana.

Imburi

Twabonye intangamarara y'igitabu c'Ugucurintimba kwa Yeremiya.Twabonye kandi ingene umutima w'umuvugishwa Yeremiya warumeze kubw'umubabaro yarafise bitumwe n'impuhwe yarafitiye abantu kubw'ubwo buhanuzi bw'ibigiye kuba

Uko abakuru bo mw'ishengero bakwiye kumera.

Muri kino cigwa turaja kubona ingene abakuru bo mw’ishengero bakwiye kumera. Bategerezwa kugira ingeso nziza zituma babana amahoro n’abantu bose, kandi bakaba bafise ubwenge bwo kwigisha. Ikindi nuko atawoba umuzezwashengero mwiza adashobora n’ukuganza abo mu rugo rwiwe neza. Kandi tuza kubona n'uko abakozi bo mw’ishengero ari bo badiyakoni bategerezwa kuba abakristo b’abizigirwa kandi bakuze mu vy’ukwizera.

Imburi zo kuri Egiputa, kub'Abafirisitiya no kuri Mowabu

Twabonye imburi zo kuri Egiputa, zo ku Bafirisitiya , zo kuri Mowabu ni zo kuri Amoni na Edomu.

Ugusenga

Mu cigwa c'uno musi, turiga ibijanye no gusenga. Turaja kubona ko ugusenga kubereye ari ukuva ku mutima utanduye. Turiga ku vyagezwe Pawulo yahaye abagabo n’abagore ku bijanye n’ugusenga; ati abagabo mu gusenga batarike amaboko yera, abagore na bo bambare bikwize kandi barushirize guca bugufi mw’ishengero.