Ukwizera kwa Aburamu
-
Itanguriro 15:6-21
Close
Loti asubira kuba I Sodomu
Aburamu yagiye kurwanya ba bami bari baje bava mu buseruko bagatabatanga i bisagara vyo mu kiyaga co hafi y’ikiyaga c’umunyu, harimwo n’igisagara ca Sodomu. Ico gihe Loti umuhungwabo wa Aburahamu n‘ abantu biwe ndetse n‘ivyabo batwawe kw‘inyagano. Aburamu yaratabaye aranesha ariko yaranse gutorana amasahu yemera gutorana umugisha yasanganijwe na Melekisedeki, umuherezi mukuru w’Imana Ihoraho.
Aburamu abohoza Loti
Aburamu na Loti bamaze gutandukanam Imana yongeye guha amasezerano Aburamu. Igisagara Loti yarimwo caratewe , kiratsindwa, Loti n'abandi bantu bafatwa mpiri.
Aburahamu ahungira inzara muri Egiputa n'ingene yavuyeyo
Imigenderanire ya Aburahamu n’Imana yarabandanije. Aburahamu yaragiriye ngorane muri Egiputa yasuhukiyeyo kubera ibihe bibi vy’ikigoyi.
Ihamagarwa rya Aburamu
Imana yarahamagaye Aburahamu imuha amasezerano na we akayakiriza yompi. Imana yarahimbawe n’ukubona umuntu nka Aburamu yemera kurongorwa na yo kugeza aho aheba ivyiwe vyose atazi ibiri imbere.
Umunara w'I Babeli n'amamuko ya Aburahamu
"tUruvyaro rw’abahungu ba Nowa rumaze kurwira rwagomvye kugarariza Imana mu kwubaka umunara I Babeli. Imana yaciye iyoberanya indimi zabo. Mu ruvyaro rwa Shemu ni ho hakomotse Aburahamu, akaba ari na rwo rwahavuye rukavukamwo Yesu Kristo "
Ivyabaye Nowa amaze kumenya ko Hamu yamwararaje
Nowa amaze kumenya ko umuhungu wiwe mutoya yamwararaje, yaciye amuvuma. Uwo muvumo ukaba wasutswe kuri Kanani. Amahanga yakomotse kuri bene Nowa niyo yakwiye isi yose.
Isezerano ry'Ina ku bantu
Inyuma y’umwuzure w’amazi wakomvomvoye ivyari n’ubugingo vyose, kw’isi hatanguye bishasha. Tubona Imana igiranira na Nowa isezerano kandi iryo sezerano ni iryo abantu bose. Nowa yaraborewe ata impuzum, umuhungu wiwe mutoya aramwararaza.
Ivyabaye inyuma y'umwuzure
Inyuma y'igihe gishika hafi umwaka, amazi yarakamye kw'isi. Nowa n'ivyo bari kumwe mu bwato barasohoka. Nowa yakengurukiye Imana mu kuyishikanira ikimazi. Imana ica ishiraho isezerano ko itazokwongera kurandura abantu nk'uko.
Nowa abaza ubwato, ahungiramwo umwuzure
Imana yabwiye Nowa kubaz ubwato kugira ngo azohungiremwo umwuzure. Isi yararengewe n'amazi, ibifise ubugingo vyose birapfa kiretse Nowa n'umuryango wiwe hamwe na bimwe mu bikoko vyinjiranye na Nowa mu bwato.
Imana ifata ingingo yo guhanisha isi umwuzure
Ingeso z'abantu zarononekaye kugeza aho Imana ifata ingingo yo kuranduza isi umuzure. Nowa gusa ni we yari umugororotsi. Imana ica itegeka Nowa ngo abaze ubwato azorokokeramwo.