Yohana yerekwa Umwagazi n'abacunguwe bahagaze ku musozi Siyoni.

Yohana yeretswe mw'ijuru Umwagazi n'abacunguwe. Abo na bo yabonye bari ba bandi 144.000 badomwko ikimenyetso c'Imana co kuzigamwa.

Ikindi catuma iryo shengero rinini rihimbaza Imana

Ryaririmbishwa n'uko imanza z'Imana ari iz'ukuri n'ukugororoka. Bari barababajwe cane n'umwe maraya w'agahebuza mugabo Imana ikaba imuciriye urubanza imuhoye ubusambanyi bwiwe n'amaraso y'abashumba bayo.

Ivy'igikoko kigira kabiri

Ico gikoko ca kabiri ari co wa mutegetsi ahambaye mu vy'idini azoba aje kuzimiza abantu ngo basenge Antikristo aho gusenga Imana y'ukuri. Ico gikoko cabontse gihambaye cane kandi gishobora gukora ibitangaza bigatuma gishobora kuzimiza benshi.

Ibizokurikira inyuma y'igihe c'amarushwa

Yohana yumvise mw'ijuru ikimeze nk'ijwi ry'ishengero ryinshi riti Haleluya, agakiza n'ubwiza n'ububasha ni ivy'Imana yacu. Ryari ijwi ry'abantu benshi baririmba batazira Imana bigina ukutu Yesu agarutse mw'isi kuganza nk'Umwami w'amahoro. Kandi bariko barigina ibibaye kuri Babuloni icitse umunyota.

Igikoko ciburutse kiva mw'isi kirogota ku Mana

Ca gikoko kibonka kivuga ibikambaye kigira inganji ihambaye mw'isi. Isi yose ikurikira ico gikoko bagitangarira bagitazira kandi bgisenga. Kirogota ku Mana no kw'izina ryayo. Gihabwa kurwanya abera b'Imana no kubanesha. Ico gikoko na co ni Antikristo, wa mutegetsi ahambaye w'ivya politike.

Igisagara ca Babuloni kizoba agaterantimba

Babuloni hazobona ibara kugeza aho n'abahora bahakorera urudandazwa batazosubira n'ukuhatumbera. Ico gisagara kizohanwa nk'uko Imana izoba ihanye umwansi wayo. Ico gihe ngo abami n'abahambaye basangiye na we ibibi bazomuririra bavuze induru babonye umwotsi wo kuyigira kwiwe.

Yohana yerekwa ibikoko bibiri

Yohana yeretswe ibikoko bibiri, kimwe ciburuka kiva mu kiyaga, insiguro yaco bukaba ari ubutegetsi bukomeye buzoza, iyindi nsiguro ikaba ari umutegetsi akomeye can mu vya politike. Ikindi gikoko yabonye ciburuka kiva mw'isi, uwo na we akazoba ari umutegetsi akomeye mu vy'idini.

Gusenyagurika kw'i Babuloni

Babuloni cahoze ari igisagara c'ikinyedini y'ibinyomaubu na ho kizoba igisagara c'ubutunzi bwo mw'isi. N'ubukomezi mu vya politike. Ugusambuka kwa Babuloni kizoba ari igihano c'Imana.

Satani atangura kurwanya abo mw'isi

Ca gisato kigirira inzigo wa mugore kironra kumwica ariko Imana irakinga. Ni ho caca kigumanira ishavu n'inzigo abo mu ruvyaro rwa wa mugore ni ukuvuga abo mw'isi bose.

Ibindi vyerekeye ico gikoko

Ico gikoko c'imitwe 7 ni ca gisagara ca Roma cubatswe ku misozi 7. Carabayeho kiganza, ubwo bubasha burahera, ariko buzogaruka. Ni co gituma vyanditswe ngo kigira kiduge kive i kuzimu. Roma yaraganje isi bihagije hanyuma irahwama, Ariko n'ubundi izosubira kuganza isi.

Igisato c'amahero gikororwa kiva mw'ijuru.

Yohana yatanguye kubona umumarayika w'indwi asutse igikombe ciwe mu kirere yumva ijwi ry'Imana riti karabaye. Habaho imiravyo, imituragaro n'ugutigita kw'isi guhambaye kugeza aho igisagara Babuloni kigaburwamwo gutatu, ibisagara vy'abanyamahanga birasenyuka. Yohana abona maraya w'agahebuza, nukuvuga kirya gice c'ishengero ry'abantu batigeze bizera neza Yesu. Yerekwa n'umugore yicaye ku gikoko gitukura gifise imitwe 7 n'amahembe 10 ni ukuvuga igisagara ca Roma kizoba ari umurwa w'isi yose mu vy'idini. Uwo mugore ni idini yuzuyemwo uburyarya iboneka ko ubwiza bw'inyuma gusa.